Umukuru w’Igihugu akangurira abari mu ntwaro kumenya uko bakwiye gutwara

Umukuru w’Igihugu akangurira abari mu ntwaro kumenya uko bakwiye gutwara

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yabonanye, ku ncuro ya mbere, n’abasitanteri b’amakomine bari kumwe na ba Buramatari, , uwo mubonano ukaba wabereye ku murwa mukuru wa politike i Gitega.

Umukuru w’Igihugu yabakeje ku mabanga mashasha baherutse kuzezwa aca arabibutsa ko batowe n’abenegihugu kugira ngo babakorere  nk’abaserukira Reta mvyeyi-Reta Nkozi.

“Ico turondera twese ni ubuzima bwiza bw’abenegihugu. Ni co dutegerezwa kwama dufise ku mutima”, uko ni ko umukuru w’igihugu yashimangiye avuga anabibutsa yuko imigambi y’iterambere itegerezwa gukorerwa ku misozi yose ata nkunzi.

Umukuru w’igihugu yasavye abo bagiye guserukira Reta mvyeyi-Reta Nkozi gukora cane, bakorera abenegihugu babicishije mu bisata vyo kurima no kworora, ubutunzi kama busanzwe mu makomine, mu gisata c’abakerarugendo no mu gukoresha ubuhinga bwa none.

Yasozereye abashikiriza imodokari (camionnette double cabine) zizobafasha mu mabanga bajejwe kandi aranabibutsa ko ari imodokari za komine.

Twobamenyesha ko iyo nama iri mu rukurikirane rw’izindi aho Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yagiye arasanga indongozi z’ibisata bitandukanye mu ntara zabo.