Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yakiriye umuganwakazi wa Jordaniya Sarah Zeid Ra’ad

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yakiriye umuganwakazi wa Jordaniya Sarah Zeid Ra’ad

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yakiriye, kuri uno wa kabiri ku kirimba citiriwe Ntare Rushatsi, umuganwakazi Sarah Zeid Ra’ad akaba n’umuhanuzi adasanzwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’imfungurwa PAM, mu gisata c’amagara meza no gufungura neza ku bana bato cane n’abavyeyi.

Umuganwakazi Sarah Zeid Ra’ad yakeje  Nyenicubahiro Ndayishimiye na Leta arongoye ukuntu bariko bararwanya ca kiza kibangamiye isi Covid-19. Kabaye n’akaryo ko kuganira ibijanye no kugaburira abana ku mashure no gushinga ibigo vyo kwigisha ibijanye no gufungura neza bigirira ikimazi cane cane abana n’abakenyezi.

Uwo mushitsi w’iteka Sarah Zeid Ra’ad yashitse mu gihugu cacu c’Uburundi kw’igenekerezo rya14 Gitugutu 2020, akaba yararonse akaryo ko kugendera mu ntara zo hagati mu gihugu nka Ngozi, Kirundo, Bujumbura na Ruyigi aho yiboneye imigambi y’iterambere itandukanye, ari kumwe na Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu.