IJAMBO RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU RYO KWINJIRA IHINGURIRO “FOMI”

1. Turashimiye Imana ku vyiza yama ikorera Uburundi tudasize inyuma Ihinguriro FOMI. « Imana igira aho imaniye », « Imana ifasha uwifashije », « Ntawuheka uwutisimbiza ».

2. Turashimiye abagize uruhara mw’ishingwa ry’iri hinguriro: Uwazanye iciyumviro n’abo bashize hamwe imitahe; Ubushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, Uburongozi bw’Ibanki BANCOBU, Ubuyobozi n’abakozi ba FOMI.

3. FOMI ntituzaniye intabire yongereza umwimbu gusa, ije gukingira ibidukikije yongere ituziganirize amahera y’agaciro.

4. SOSUMO, OTB, INTERCAFE, n’ayandi mashirahwamwe niyagurira intabire muri FOMI, Reta izoziganya amahera y’agaciro hafi 50%.

5. Intambamyi twazumvise, tuzobafasha kuzitorera umuti.

6. Harageze ko amabanki n’amashirahamwe atanga ingurane bikebuka bakavavanura n’uburyarya, bagaherekeza iterambere, cane cane Igisata c’Uburimyi n’Ubworozi.

7. FOMI isabwe : gukingira Ubuhinga bwayo mu kubwandikisha mu bisata bibijejwe, kwitwararika kuriha amakori, no guterera agacumu k’ubumwe mu bindi bisata.

8. Iki ni ikindi kigabane Uburundi bwanditse mu Gitabu co Gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira no kwerekana ko Abarundi bashoboye gusubira kwigaba bakigaburira nk’uko vyari kuri basokuru.

9. Nk’uko twabivuze ejo bundi tudomeka Urumuri rw’Amahoro rugira 13, Uburundi si igihugu gihamagariwe gufashwa. Amikoro bantu/bintu arahagije kugira dufashanye n’ibindi bihugu.

10. Twijukire guhuza umutima n’inama, kandi twige kujana n’ibihe.

11. Tuzokwama dutera iteka abatera iteka Uburundi mu kubafata mu Mugongo, kubashimira ku mugaragaro no mu kubitirira Ibibanza kugira ubuhizi n’ubutore vyabo bibere akarorero abandi.

12. Turakuye ubwatsi ko mwatugabiye, tuzobokorera. Dusozereye dutangaza ko dutanguje icese ibikorwa vy’Ihinguriro FOMI kuri iri genekerezo rya 17 Nyakanga 2019.

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI BAYISHIZE IMBERE MURI VYOSE NA HOSE.

MURAKOZE!