Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yipfuriza umwaka mwiza w’2012 Abarundi n’ababa mu Burundi

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Umwaka w’i 2011 urarangiye, uw’i 2012 uratanguye. Turakengurukiye Imana Rugiravyose yo yatuzigamye, ikaduha amagara n’umutima vyo kurangura ishaka ryayo n’ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu cacu muri uyu mwaka turiko turasozera. Turayituye kandi imigambi tugiye kurangura muri uyu mwaka mushasha dutanguye. Nishimagizwe na bose.

 

  1. Turipfurije Abarundi n’ababa mu Burundi bose umwaka muhire, umwaka w’amahoro n’imigisha myinshi mu miryango yanyu, mu babanyi, mu bagenzi no mu mirimo yanyu ya misi yose. Uze ubabere mwese umwaka wo gukomeza gusumba amahoro n’umutekano,  gusubiza hamwe, kurekuriranira no gutera imbere.

 

  1. Icivugo c’uno mwaka ni : « Dukomeze intahe y’ukwikukira, duhinduke, dutsimbataze ubumwe, ibikorwa, amahoro  n’umutekano,  vyo soko rya kazoza keza n’amajambere birama ».

 Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Mwakuyu nk’aya mango, twarabibukije ingingo nkuru nkuru z’imigambi twishinze kurangura muri iyi myaka itanu abenegihugu badutoreye ngo tubarongore, umugambi wo gukomeza amahoro n’umutekano ukaba ari wo uri kw’isonga y’iyindi yose, kuko ari wo mushinge wa vyose.

 

  1. Kugira ngo umutekano ubandanye utsimbatara mu gihugu, inzego zijejwe umutekano zabandanije gutuza no gusambura uturwi tw’abagizi ba nabi bari bitwaje ibirwanisho twashaka kwigira ndanse. Abatari bake bari muri two bakaba baratujijwe, bamwe bagwa muri ubwo bukozi bw’ikibi, abandi barafatwa bashikirizwa ubutungane, abandi barishikana baheba iyo nzira idashika. Ibirwanisho vyabo vyinshi vyarafashwe, n’ivyari vyaranyegejwe  mu kuzimu ni ko k’uko.

 

  1. Twagira tubonereho akanya ko gushimira cane abanyagihugu, abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano bo mu ntara zose z’igihugu bitanze batiziganya mu gutuza izo nkozi z’ikibi ; barerekanye ko hatavogerwa, barazereka ko amase ya kera atagihoma urutaro, ko iyo nzira inyerera, ko nyabuna zoyiheba.
  2. Nkuko twama twabishikirije, n’ubu turabisubiriye : Nta mvo n’imwe iriho ishobora gutuma haba intambara muri iki gihugu, ntihagire rero abitiranya ibihe. Ivyo ntibivuga ko ata mburabugirire zipfuza ko hoba intambara kuko ba mukamishakiza Ariko tubabwira duti: Uwushaka arageza, ariko ntazoduterana intambwe, uwuzorukarisha ruzomumwa kandi ngira baramaze kuvyibonera naho hariho intahaha.

 

  1. Uwagira rero ngo ari n’ivyo ariko arashigikira aciye muri ubu buryo canke buriya, nazeruke. Tuboneyeho akaryo ko gutera ivyatsi abamenyeshamakuru bamwe bamwe, baba abaha i wacu canke mu mahanga bashatse gufasha kwamamaza abigira abarwanyi. Nibateshwe bate, ntaho bizobashikana.

 

  1. Twagira kandi dushimire inzego z’ubutungane ku bwira n’umwete ziriko zirakoresha muri iyi misi mu kunyarutsa imanza. Biratangaje gusa kwumva bamwe mu bahora babisaba batanguye kuvyiyamiriza, kubera kumbure hafashwe inkozi z’ibibi zibegereye canke zagizwe ibiraro.

 

  1. Izo nzego zose tukaba tuzisavye kubandanya zikora zidahugumbwa. Ntiziremerwe n’amajambo atagira aho afatiye, atagira ico yungura abanyagihugu avugwa n’aba canke na bariya. Nibarangure ico igihugu cabashinze gukora, ico biyemeje n’ico barahiriye bakurikije amategeko n’akarangamutima ko kurondera ineza y’igihugu n’abakibamwo.

 

  1. Turashima kandi ko imanza zitari nke zijanye n’ubwicanyi bufatiye ku matati y’amatongo no gufata abakenyezi n’abigeme ku nguvu zaciwe mu bubangutsi. Ibi vyashobotse kubera ingendo nshasha yo mu butungane, aho no mu misi itari iy’akazi hariho uwugumaho, kugira ngo icaha gikozwe gishobore guhanwa. Ni ingendo yo gushigikira.

 

  1. Eka n’umurwi w’igihugu ujeje gutatura amatati ajanye n’amatongo (CNTB) waratunganirije abawituye ku rugero rushimishije.

 

  1. Twagira dusabe rero ba Musitanteri bose ngo bafate umwanya basigurire abo barongoye, gushika ku mitumba, icegeranyo c’ibiri mw’itangazo Leta yasohoye muri uku kwezi kwa  Munyonyo 2011 ku bijanye n’uko umutekano wifashe. Tubasavye kubiha umwitwarariko ukwiye, kugira abahitiye mu ngendo zashaje z’irementanya, ububeshi n’ibinyoma babihebe.

 

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Ku bijanye no kwubahiriza agateka ka zina-muntu, Leta n’izindi nzego zirongoye igihugu zakoze vyinshi, duhereye cane cane ku kugarukana amahoro n’umutekano, ubu nka hose mu gihugu bakaba barya bakaryama.

 

  1. Muri uyu mwaka, twakiriye benewacu batari bake bahungutse bava hanze y’igihugu. N’abahungiye mu gihugu hagati  batari bake bariko baritegurira gutaha iwabo.Turabaremesheje ko bazokwakirwa neza n’abasigaye ku mitumba, natwe tuzobashigikira.

 

  1. Eka n’abasigwa b’abakozi ba Leta bahuye n’ivyago vyo mu bwicanyi bw’i 1972 bariko baratunganirizwa kuva uyu mwaka kugira baronke ibisigi. Uwo mugambi ukazobandanya no mu mwaka uza Turashimiye cane impfuvyi, abapfakazi n’abandi basigwa bihanganiye ako karenganyo imyaka mirongo ine (40) yose ata kaguma. Nibabere akarorero n’abandi.

 

  1. Kugira ngo agateka ka zina muntu kame kubahirizwa kuri bose na hose, duheruka gushinga umurwi w’igihugu wigenga ujejwe ivy’agateka ka zina muntu, kandi ukaba waratanguye gukora.

 

  1. Mu ngendo yo gutsimbataza intwaro ya demokarasi, integuro y’ibwirizwa rigenga imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yaramaze kwigwa n’Inama Nshikiranganji, tugasaba ko mu nama Nshingamateka na Nkenguzamateka baryitwararika.

 

  1. Mu bijanye no kurwanya ingeso mbi zituma ubutunzi bw’igihugu bubangamirwa, umugambi ujanye n’intwaro ibereye no kurwanya ibiturire n’amabi akomoka kuri vyo vyarizwe n’Inama Nshikiranganji, ukazodufasha, twese ata n’umwe avuyemwo, kurwanya twivuye inyuma igiturire.

 

  1. Twagira dushimire Abarundi bari mu nzego za Leta zimwe zimwe bamaze kwerekana ko bumvise akamo twabateye ko guhindura ingendo, gurtyo bakazigama ivy’igihugu, bakarya ivyo babiriye akuya–runtu, kandi bakitaho imirimo mu kworohereza ababagana.

 

 

 

 

 

  1. Aha twotanga uturorero duke:

 

Ubwa mbere: Mu Bushikiranganji butari buke barakoze birashimwa, ku buryo bagabanije incuro zibiri, ahandi incuro zirenga icumi, amafaranga yahora asohorwa mu kuriha amazi, amatara na telefone, ahandi naho baragabanya igitoro bahora bakoresha ariko ibikorwa bikabandanya birangurwa neza.

 

Ubwa kabiri: Mu Bushikiranganji bundi, turashima ingendo nshasha yo kunyarutsa amadosiye. Aha twofatira nko mu Bushikiranganji bw’ubudadanji, mu gisata kijejwe ivyo guhimiriza iyinjizwa ry’umutahe, aho hagabanijwe cane ibisabwa vyose vyotesha umwanya abagwizatunga bashaka kuzana imitahe mu gihugu cacu.

Muri rusangi, ukworohereza abagwizatunga vyagiye bitera imbere, kuko Uburundi bwavuye ku kibanza c’181 buja ku kibanza c’ 169, ni ukuvuga ko twaciye imbere ibihugu 12 mu mwaka umwe gusa. Ivyo vyatumye abashinga imitahe biyongera, bifasha abanyagihugu barenga 7.000 kuronka ubuzi.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Nkuko twabibasezeraniye, twariyemeje urugamba rwo kutihanganira na gato abarya ibiturire n’abasesagura ivy’igihugu (Tolérance zéro). Mu vyo duhejeje kubabwira mwabonyemwo ibitari bike. Ivyo twokwongerako ni ibi bikwirikira:

 

  1. Inzego za Leta zijejwe kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu zararanguye neza akazi kazo, kandi zigenda zitera imbere. Sentare irwanya ibiturire yaragaruje amafaranga arenga imiliyoni 550 arinjira mu   kigega ca Leta.  Igipolisi kijejwe kurwanya ibiturire naco kikaba caragaruje ayashika umuriyaridi, gikingira na Leta ngo ntihombe ayarenga imiliyaridi 6,5  mu gutesha abashaka kuyanyuruza.

 

  1. Iyo ntambwe ishimishije dushitseko uno musi, naho itarashika ku rugero twipfuza, yatumye Abarundi bahindura ingendo, baragira ico batinya, barasonera amategeko, gurtyo, muri uyu mwaka, Ibiro bijejwe gutoza amakori n’amatagisi (OBR) bikaba vyarashoboye kwinjiza mu kigega c’igihugu amafaranga arenga imiliyaridi 470 mu gihe mu mwaka w’2010 vyari vyinjije amafaranga arenga imiliyaridi 362 gusa, bisigura ko ku yabonetse mu 2010, twarengejeko ayashika imiliyaridi 108, ni ukuvuga ko hiyongereye ibice vyababa 30 %.

 

  1. Twagira tubonereho akaryo ko kuremesha no guhumuriza imiryango y’abakozi bose bahembwa na Leta, ko naho hari igihuhusi c’ubukene kw’isi catumye imfashanyo Leta yahora ironka igabanuka cane,  turavye uko OBR iriko irakora, bizotuma ata kwezi na kumwe batazohembwa. Mureme rero, muremeshanye, mwirinde ibihuha bifatira kumbure kuri ico gihuhusi kiri kw’isi. Turakeje rero abafashe iya mbere muri iryo hinduka ryiza, mukomere ku muheto.

 

  1. Ni mbere muri iyo ntumbero yo kwikubita agashi no kwitwararika kazoza k’igihugu Inama Nshikiranganji yaraye yize ibwirizwa rikuraho ayandi yose yatuma indongozi z’igihugu zimwe zimwe zitariha amakori nk’abandi banyagihugu, gurtyo ikigega kibombonke. N’iryo ni ihinduka ryiza kandi rihambaye, kandi biracaza.

 

  1. Mugabo rero, naho abatari bake bariko barahinduka, umugera w’igiturire no kunyuruza nturarangira, kandi iyo ngeso mbi iri mu nzego z’igihugu no mu mashirahamwe yigenga n’ay’abikorera utwabo. Turacafise rero igikorwa, na kare ngo “uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho.”

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Ivyo Leta yaranguye muri uyu mwaka ni vyinshi, Abashikiranganji barabibashikirije ; kandi nkuko twabigize ingendo, kuva ubu ukumenyesha abanyagihugu ivyaranguwe tuzobitangira amanota 30 %. Mu vyaranguwe rero, hari ukubungabunga imigenderanire myiza n’ibindi bihugu aho gushika uyu musi ata gihugu na kimwe turabana ribi; kira noneho, twarizigiwe cane ku buryo n’uyu mwaka urangiye ari Uburundi bwarongoye inzego z’Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC).

 

  1. Ntitwokwibagira ko igihugu cacu cabandanije gifasha mu bindi bihugu nka Tchad, centre Afrika, Sudani, Hayiti, Cote d’Ivoire na Somaliya, bikaba vyarahaye ijambo Uburundi mu makungu. Turahojeje Abarundi n’imiryango yaburiye muri urwo rugamba.

 

  1. Uyu mwaka kandi, waranzwe n’ukugenderwa cane kw’igihugu cacu, aho haje abakuru b’ibihugu nka Somaliya, Urwanda, Afrika y’epfo, Kenya, Zambiya n’Ubuganda, hakabera amanama n’amahiganwa menshi mpuzamakungu. Ni ikimenyetso c’uko Uburundi bwacu bwifashe neza, ari nyabagendwa.

 

  1. Isura ryiza ry’igihugu cacu ryatumye Abarundi batari bake baronka udushimwe mpuzamakungu, haba mu vyo utugenegene, indirimbo, kwinonora imitsi, akaranga no kumenyesha Twashaka tubonereho akandi karyo ko kubakeza cane, twizera ko babereye akarorero abandi Barundi.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Mu bijanye n’indero, twarakomeje umugambi wo kwigisha abana ku buntu mu mashule y’intango, ubu tukaba turiko turarwiza amasomero kw’ishule ryose, kugira tubandanye twitegurira wa mugambi w’uko inyigisho mu mashule mato mato zoshika mu mwaka w’icenda, tutibagiye kurwiza kurusha ay’imyuga n’ubuhinga.

 

 

  1. Mu bijanye n’inyigisho za Kaminuza, harashizweho ibwirizwa ritunganya ivy’igisata c’inyigisho zo mu makaminuza, yaba aya Leta canke ay’abigenga, kugira tuje ku rugero rumwe n’ibindi bihugu, duteze imbere ubuhinga n’ubushakashatsi.

 

  1. Mu bijanye n’amagara y’abantu, Leta yabandanije cane cane wa mugambi wo kuvura ku buntu abakenyezi bibungenze canke bibaruka, n’abana gushika ku myaka itanu, tukaba n’ubu tuzobandanya.

 

  1. Ariko twashaka tumenyeshe ko tubabajwe n’ingene hari ibitaro bimwe bimwe biza birabesha mu kuturihisha menshi, adahuye koko n’uko baba bavuye abo twavuze. Tubasaba kwikubita agashi, kandi abajejwe gutuza abanyuruza ubutunzi bw’igihugu babakurikirane.

 

  1. Ku yindi mirwi nayo, Leta yaraye yize ingene ka gakarata ko gushigikirana mu vyo kwivuza (Mitiweri) kotangura muri uyu mwaka w’2012. Abanyagihugu bakazobanza gusigurirwa kugira bamenye intererano yabo uko ingana, bamenyeshwe n’akigoro ka Leta.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Mu gisata c’uburimyi n’ubworozi harakozwe ibitari bike. Twararwije twongera turakwiragiza mu banyagihugu imbuto n’imivyaro vya kijambere, tutibagiye n’ibitungwa.

 

  1. Ku bijanye n’umwavu w’ikizungu, Leta yawutanzeko amafaranga menshi, kugira ngo umunyagihugu awugure ku giciro gito. Twobamenyesha ko kuva mu mwaka w’2009 gushika 2011, Leta yatanze 34 % vy’igiciro c’umwavu, kandi n’ubu turitwararitse ico kibazo.

 

  1. Muri rusangi, iki gisata carahawe ikibanza gikwiye mu mwitwarariko wa Leta kugira dushobore gutuza inzara. Ni naco gituma no mu mafaranga Leta izokoresha uyu mwaka ico gisata congerejwe cane, ubu kikaba cihariza hafi ibice 12% vy’amafaranga yose Leta izokoresha mu buzima bw’igihugu.

 

  1. Ikindi gisata kituraje ishinga, ni umuyagankuba. Uravye abawukeneye, cane cane amahinguriro n’abashaka gutangura kwimba ubutare, ni ngombwa ko tugira ico dukoze. Ni co gituma hariko harubakwa ingomero nshasha, n’izindi zisanurwa hirya no hino. Ariko, kugira haboneke umuyagankuba uba urakora umwanya zitazoba zirahera, ishirahamwe REGIDESO ryaragiraniye amasezerano n’ishirahamwe PIVOTECH ajanye no kugura no kugurisha umuyagankuba, rikazodufasha kugwiza umuyagankuba mu kurindira.

 

  1. Ikindi gisata Leta yitayeho ni ikijanye no kwubaka amabarabara, haba mu gusanura ayashaje canke mu kwubaka mashasha. Muri uyu mwaka tugira dutangure, hazokwubakwa amabarabara atari make. Muri ayo twovuga irya Cankuzo-Muyinga (RN 19), Nyamitanga-Bujumbura, gusanura irya Bujumbura-Gatumba, no gusasa amabuye mu mabarabara ya Kamenge na Kinama mu Gisagara ca Bujumbura no mu bisagara vya Ngozi na Kirundo.

 

  1. Mu bijanye no gukingira ibidukikije naho, habaye kunagura ibigo vyo kumenya no kumenyesha uko bihe vy’imvura, izuba n’umuyaga vyifashe (Stations météorologiques), kugira bikunde ko abarimyi bavunigwa akagohe hakiri kare, turatuganya n’inama yo guteza imbere ikiyaga Tanganyika. Uyu mwaka kandi twashaka gushima ko naho habonetse intahaha, hagabanutse cane imiriro ya Nyakanga.

 

  1. Muri iki gisata nyene, twarijukiye kugwiza imivyaro y’ibiti, iyiri mu matuta ikaba irenga imiriyoni 2 z’amagereveriyo. Ntitwokwibagira kandi ko uyu mwaka twateye ibiti vy’ivyamwa imiriyoni 2, kandi imiryango yayoreje iyo mivyaro ikaba yaraharonkeye akoyoko kuko twayibagurira, tukaba kandi myinshi muri yo twayihaye abanyagihugu.

 

  1. Mu bijanye no gutumatumanako no guhanahana amakuru, Leta yitayeho kurwiza za mashini nyabwonko na bwa buhinga ngurukanabumenyi, kugira ntidusigare inyuma mw’iterambere.

 

  1. Duheruka kandi gutegekanya amafaranga yo gutanguza ikigega co gushigikira umwuga wo kumenyesha amakuru, kugira duterere agacumu k’ubumwe mu gutorera inyishu utubazo tumwe tumwe abamenyesha makuru bagira.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’uburundi,

 

  1. Muramaze imisi mwumva ko hadutse igihuhusi cahungabanije ivy’ubutunzi kw’isi yose. Ivyo bifatanye n’uko umwimbu wagiye uragabanuka kubera ihindagurika ry’ibihe, vyatumye ibiciro biduga cane ku masoko mpuzamakungu na cane cane ibijanye n’igitoro. Aha, Leta ikaba yaragize utwigoro mu guheba amatagisi amwe amwe ku gitoro, kugira ntikiduge umurengera. Kuva mu mwaka w’2005 ikaba yahevye ayashika imiriyoni 300 ku kwezi ku kwezi.

 

  1. Turasavye rero abanyagihugu kwijukira ibikorwa vy’iterambere kugira umwimbu wiyongere, ibiciro bigabanuke, tuje muri ya ntumbero y’uko mu mwaka w’2020 Uburundi bwoba bwavuye ku rutonde rw’ibihugu bikenye. Twashaka no gusubira gukebura abanyagihugu ngo bijukire wa mugambi wo kuvyara abo bashoboye kurera kugira duhangane n’ikibazo c’ubukene.

 

  1. Turabararitse ngo babandanye bakora ibikorwa rusangi na burya tubona akamaro kadasanzwe biriko biradushikanako. Aha twovuga amashure n’amavuriro amaze kwubakwa kandi tukiriko, ibibuga vya kijambere bishika indwi mu gihugu nko mu ntara za Cibitoke, Muramvya, Bururi, Ruyigi, Kayanza na Ngozi, kandi no mu zindi ntara bakaba bariko baratunganya uwo mugambi.

 

  1. Ibikorwa rusangi vyadushikanye kuri vyinshi. Aha twoshima ingendo nshasha y’abanyagihugu yo kwiyubakira ibiro vy’abarongoye abandi nk’Umukuru wa zone, Musitanteri na Bulamatari.

 

  1. Uwo mutima w’ibikorwa rusangi ni wo watumye no kwubaka ibigwati bishoboka. Twariyemeje gukora ku buryo buri mwaka hubakwa ibigwati 25. Ubu ibimaze gutangura birashika 16, mbere bimwe bikaba vyarangiye. Bizoba birimwo amazu arenga 500.

 

  1. Turashimiye cane abo bose bitanze batiziganya bakagira ico baterereye mu bikorwa rusangi. Baragahora gurtyo, mbere babere n’akarorero n’abahora bigira sindabibazwa.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Imbere yo kurangiza iri jambo, twashaka tubamenyeshe ko uyu mwaka dutanguye uzorangwamwo ibihe bikomeye ku gihugu cacu.

 

Ubwa mbere: Ni umwaka tuzokwiteguriramwo kandi tugahimbazamwo imyaka mirongo itanu (50) izoba iheze turonse intahe y’ukwikukira. Turasavye rero Abarundi bose ngo babandanye bawitegurira mu kubumbatira amahoro n’umutekano, no mu kurangura ibikorwa bigaragara bizokwerekanwa kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa Mukakaro.

 

Ubwa kabiri: Ni umwaka tuzoshiraho wa murwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, kandi tukizera ko uzoca utangura gukora. Icegeranyo c’umurwi nteguza kiriko kiratangwako ivyiyumviro n’imyihwezo kugira ngo uwo murwi uzotugirire akamaro twese.

 

Ubwa gatatu: Uwo murwi umaze gushingwa, tuzoca dutera iyindi ntambwe, nayo ikaba ari iyo kuganira ku bijanye no guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro n’ayandi mategeko n’amabwirizwa, cane cane ayerekeye amatora n’intwaro ibereye.

 

  1. Murumva rero ko ari umwaka uzobamwo ibiganiro vyinshi ku bibazo vy’ubuzima bw’igihugu muri kubu na kazoza. Tuzokomeza rero ya ngendo ya Leta yo guha ijambo uwo wese ashobora kugira ico aterereye; baba abihebeye Imana, abanyamigambwe, abari mu mashirahamwe adaharanira ubutegetsi, abamenyeshamakuru n’abari mu nzego zirongoye igihugu. Ibishitsweko bizoca bifata inzira yemewe n’amategeko, kuko ivyo biganiro ntibisubirira inzego.

 

  1. Turateye akamo kandi abanyepolitike bamwe bamwe basa n’abasaba ivyo badashaka ngo bikubite agashi. Nkako, basaba ibiganiro ariko batumiwe ntibemere kuja hamwe n’abandi banyepolitike canke abandi Barundi benewabo, ukamenga barabanena.Turasubiye kubakurira inkoni ku gishitsi, nta biganiro tuzogirana n’akagwi dukumiriye abandi, kandi ntituzigera tugwa mu mutego wo gutuma abanyepolitike bibaza ko baruta abandi Barundi, canke ko aribo bafise inyishu zirashe ku bibazo vy’igihugu cose.

 

Nayo ibiganiro vyotuma tuvuguruza ico abanyagihugu bashinze mu matora, nibarindire, amaso azohera mu nzira. Vyongeye ntihagire abahendwa, amase ya kera ntagihoma urutaro, ni bazeruke, maze bitegurire nyabuna amatora yimirije yo mu mwaka w‘2015, kandi igihe ni iki.

 

  1. Turasavye rero abanyagihugu ngo ntibasamare kandi ntibagire umutima uhagaze ngo hari imirwi y’abicanyi izoganira na Leta. Ni bigire ku mirimo nyabuna, ariko bagume barikanuye, kuko abatovyi ntibabura na cane mu bihe vy’imisi mikuru nk’iyi aho imirwi y’iterabwoba ikunda kwonona. Mwubahirize amategeko n’impanuro muhabwa n’abo mu ntwaro no mu nzego z’umutekano.

 

  1. Mu kurangiza, twashaka gushimira abo bose bitanze batiziganya mu guterera agacumu k’ubumwe mw’irangurwa ry’imigambi y’igihugu, dushimira amakungu ku ntererano yayo yatumye igihugu cacu cisununura mu vy’umutekano, amahoro, intwaro ibereye n’iterambere. Tubasavye ngo babandanye ico gikorwa ciza.

 

  1. Turasubiriye rero kwipfuriza Abarundi n’ababa mu Burundi umwaka mushasha mwiza w’2012, umwaka w’ibikorwa vyinshi vy’iterambere, umwaka wo kumenya ukuri, kurekuriranira  no kunywanisha Abarundi. Muwuhimbaze kandi mubandanya muri mu kanyamuneza ka Noweri. Muze muwuronkemwo ivyiza vyose mwipfuza n’ivyo mwipfuriza igihugu cacu. Maze twese « Dukomeze intahe y’ukwikukira, duhinduke, dutsimbataze ubumwe, ibikorwa, amahoro  n’umutekano,  vyo soko rya kazoza keza n’amajambere birama ».

 

 

 

Umwaka mwiza mwese.

 

Imana ihezagire Uburundi bwacu.

 

Murakoze!