Ijambo Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yashikirije atanguza Umwaka w’ivyirwa muri ISCAM

Ijambo Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yashikirije atanguza Umwaka w’ivyirwa muri ISCAM
  1. Imbere ya vyose tubanje gukengurukira Imana Mushoboravyose yatuzigamye ikadushikana kuri iri sango ryiza kandi ridasanzwe muri Kaminuza y’Intwazangabo ISCAM.
  1. Turi n’akanyamuneza kenshi kubona turi muri kino kibanza kugira dutanguze icese umwaka w’ivyigwa w’2016 ushira umwaka w’2017 muri Kaminuza y’Intwazangabo ISCAM.
  1. Uyu musi udasanzwe uje gusozera iyinga ry’inyigisho nkarishabwenge aho na twebwe ubwacu twishikiye ngaha kugira tuzirikanire hamwe icivugo ngo “Uja mu kibira utazi ugaca inkoni utazi”. Inyigisho zidasanzwe mwaronkejwe, zatunganijwe mu ntumbero yo guterera agacumu k’ubumwe mu mugambi ukomeye twihaye wo kwigisha Abarundi bose gukunda no gukundisha igihugu cacu c’Uburundi.
  1. Izo nyigisho tuzozibandanya kuko turazi neza uruhara ntangere rw’iri shure Kaminuza mu Ntwazangabo mu gutegura, kwigisha no kuramura intwazangabo zibushitse ari zo ndongozi z’ejo z’Igisirikare c’Uburundi, inkingi n’inkinzo y’igihugu cacu.
  1. Itanguzwa icese ry’inyigisho muri ISCAM si akaryo keza ko gutanguza imirimo y’ivyigwa gusa, ni akaryo kandi ko kurimbura ivyaranguwe mu mwaka uheze, tukishima tukishimiriza ku vyagenze neza, tukongera tukigira inama yo gukora tuja imbere.
  1. Uno musi twiyumviye ivyaranguwe muri ISCAM mu mwaka twaraye dusozereye. Ni akaryo keza kuri twebwe twese turi muri kino kibanza, ko gukeza umwe umwe wese ku ruhara yagize kugira mushike ku mwimbu ushimishije mwaronse.
  1. Turakengurukiye kandi indongozi za ISCAM ku mugenzo mwiza wo gutunganya indwi yahariwe ubumenyi, akaranga n’inkino imbere yo gutangura umwaka w’ivyigwa.
  1. Biratanga akaryo keza ko guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ubuzima bw’Igihugu, kugira abahurikiye muri Kaminuza y’Intwazangabo bame bafise inkuru y’imvaho mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’Igihugu cacu, na cane cane ko aribo bazohamagarigwa ejo kubera umuco wabo bazoba barongoye.
  1. Turahimbawe natwe kubitwerekeye ko twaronse akanya ko kwifatanya namwe muri iyo ndwi bikazotunezereza cane cane mu misi iri imbere ni twabona ko ivyo twayaze mwabishize mu ngiro.
  1. Icivugo nyamukuru c’iyi ndwi yahariwe ubumenyi, akaranga n’inkino muri ISCAM, gikura ku nzira uwo wese akirota kwaka ijambo canke kuvuguruza abenegihugu.
  2. Turasubiye guhimiriza indongozi mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi ngo basome, bazirikane, batahure kandi batahuze abo bajejwe ingingo ziberekeye dusanga mw’Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi, na cane cane ingingo ya 82 n’ingingo ya 256.

Banyakwubahwa mwese;

Batumire bahire;

  1. Iruhande y’itanguzwa icese ry’inyigisho z’umwaka w’ivyigwa w’2016 ushira uw’2017, twaje kwemerera icese umurwi wa 47 kwinjira muri Kaminuza mu Ntwazangabo, guhagarikira uguhererekanya ikimenyetso c’abaserukira abandi hagati y’umurwi wa 43 n’uwa 44, hamwe no gushikiriza icese impapuro z’umutsindo abarangije ivyigwa muri ISCAM no kwakira indahiro zabo.
  2. Turahaye ikaze mu rwego rwa gisirikare imikangara n’imiyabaga igize umurwi wa 47, tunabashimira ko bahisemwo gukorera Igihugu cabibarutse babicishije mu rwego rw’intwaramiheto.
  1. Abarangije ivyigwa muri ISCAM turabakeje. Muramiza na ntaryo ku muzirikanyi impanuro zose mwaronkejwe n’abababoneye izuba, eka mbere n’izo muzobandanya muronka, gutyo mubere urumuri n’inzira itazimiza abo mugiye kurongora, n’abizigirwa mu miryango yanyu no mu kibano.
  1. Turasubiye gukeza abasirikare bose b’Uburundi iyo bari hose mu mirimo itandukanye, turabipfuriza kuroranirwa no kwama batera baja imbere, bame barangwa n’umutima wo gukunda igihugu cabibarutse, kwubaha inzego, gusenyera ku mugozi umwe kugira amahoro asasagare mu Burundi bwacu.

Banyakwubahwa mwese mukoraniye ngaha;

Ntwazangabo mu ntwaramiheto;

Bisongerezi;

Basirikare;

Batumire bahire;

  1. Kaminuza y’Intwazangabo « ISCAM » itegerezwa gutanga ubumenyi n’ubuhinga vy’akanovera mu bice vyose vy’inyigisho n’ubushakashatsi, kugira igihugu kizoronke intwazangabo karuhariwe haba mu buhinga, mu bumenyi, mu ndero, mu vya gisirikare, eka ivyo vyose bigize intwazangabo ibushitse igihugu n’amakungu bashobora kwizigira.
  1. Abanyeshure bo muri iyi kaminuza rero, basabwe kwitaho ivyigwa n’ubwira n’umwete bidasanzwe, birinde ivyo vyose vyobasamaza.
  1. Kubitwerekeye, Reta ntaco itazokora kugira ishigikire igisirikare c’Uburundi muri rusangi, na cane cane mu gisata c’inyigisho duhereye kuri ISCAM kugira ishobore kurangura neza imirimo ishinzwe, yongere iramure intwazangabo zihagaze neza kandi z’ibikombamuti. 

Banyakwubahwa mwese;

Batumire bahire;

  1. Imbere yo gusozera, twagomba dutekerere impanuro iyi mikangara n’imiyabaga:
  • Kugendera na ntaryo discipline yo nkingi y’urwego rwa gisirikare.
  • Kwama murangwa n’umutima w’urukundo hagati yanyu.
  • Kurangwa n’umutima wo kwubahana. Umuto yubahe umukuru, umukuru nawe yubahe kandi yubahirize umuto.
  • Mugendere akaranga k’intare mu gukingira Uburundi bwacu.
  • Gukoresha ubuhinga bwa none mu guhanahana amakuru yubaka gusa.
  • Kwamiza ku mutima Uburundi na cane cane iyo mugiye mu nyigisho mu bindi bihugu.
  • Kwitanga mutiziganya kugira igisirikare c’Uburundi camane iteka, ijunja n’ijambo kw’isi yose. 

Banyakwubahwa mwese;

Batumire bahire;

  1. Muri kino gihe Abasirikare b’Uburundi bamaze kugaragaza ubutwari n’ubuhizi mu Burundi no mu makungu, haba mu kurwanya iterabwoba canke mu kugarukana no kubumbatira amahoro, ni akaryo keza ko kwandika ibitabu, gukora amareresi n’ibindi vyotuma iteka mwateye Uburundi n’amakungu rimenyekana kandi rigasamirizwa iyo isi iva ikagera, kuko ubwo ni ubutunzi ntangere, ubu no muri kazoza, ku nzego z’umutekano no kwivuna abansi.
  1. Ntimurindire ko abandi bazovyandika, vyiyandikire mwebwe nyene nk’ababikoze, nk’ababibonye, nk’ababibayemwo, maze amakungu yose amenye kandi yemezwe ko Igisirikare c’Uburundi ari akarorero muri Afirika no kw’isi nzima. Twipfuza ko ku musi nk’uyu ico gikorwa coba camaze kuja mu ngiro. muzoba muvugutiye umuti ukwiriye abansi b’urwego rw’igisirikare c’Uburundi basya batambaye uko bukeye uko bwije, mu kwandika amakuru arutyoza. Ni bacire birarura, ni bateshwe bate, atari aho naho bagiye guhura n’Imana Mushoboravyose.
  2. Ikindi twashaka kubibutsa n’uko ata muheto canke inkinzo isumba Imana Mushoboravyose. Murama muyitura uko bukeye uko bwije, imisi yose na hose, ntizobatetereza. Tuboneyeho  akaryo ko gukeza no gushimira Abasirikare bose bama bitwararika guterera agacumu k’ubumwe amadini n’amashengero bakomokamwo.

Ibikorwa vyiza nk’ivyo  ni isoko ry’imigisha n’imihezagiro ku basirikare bose, ku miryango yabo, mbere no ku gihugu cose. Vyongeye, Imana Mushoboravyose ni yo yonyene itanga ubwenge, ni nabwo butuma uwubufise aroranirwa, akama anesha mu ntambara zose.

  1. Ikindi mwokwitwararika, ni ukwama muzirikana amajambo y’inkoramutima ari mu ruririmbo ruhayagiza ISCAM, mwuhirize ururirimbo ruhayagiza Igihugu cacu. Ntikube ukuririmba gusa, ahubwo muzirikane ijambo rimwe rimwe ku rindi, bizoheza bibafashe gutahura neza ico muhamagariwe gukora.
  1. Mu gusozera, twagomba dusubire kandi gushimira indongozi za Kaminuza y’Intwazangabo ISCAM, abigisha bose n’ababafasha mu gutunganya imirimo ya misi yose ku kigoro kadasanzwe bagira mu kuronsa ubumenyi n’ubuhinga abanyeshure mu bisata bitandukanye. Ariko kandi munasabe Imana Mushoboravyose, izindi ngabire zitangwa nayo yonyene, nkenerwa ku musirikare nyawe.
  1. Ku baba muri ISCAM bose n’abaharangurira imirimo yabo ya misi yose, hamwe nabateguye uru rubanza, turabakeje ku kuntu mwateguye bino birori bibereye ijisho. Tubahamagariye kwama na ntaryo mushira imbere umwitwarariko w’igikorwa kiranguwe neza na cane cane vyose mukabikora musenyera ku mugozi umwe, muhuje umutima n’inama vyamye biranga ba sokuru ku rugamba.
  1. Ni kuri izo mpanuro dusozerereyeko, tukaba dutangaje ko twuguruye icese umwaka w’ivyigwa w’i 2016 ushira umwaka w’2017 muri Kaminuza y’Intwazangabo ISCAM.

 

NI HARAMBE IGISIRIKARE C’UBURUNDI; 

NI HARAMBE KAMINUZA Y’INTWAZANGABO ISCAM;

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABABUBAMWO;

MURAKOZE