Ijambo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yashikirije Abarundi abipfuriza umunsi mukuru mwiza wahariwe abakozi n’akazi.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yama ituja imbere mu kurangura imirimo yacu. Nihabwe icubahiro.

2. Ukwo umwaka utashe, twama twifatanya n’amakungu mu kwigina umusi mukuru w’abakozi n’akazi kw’isi yose, wama uhimbazwa igenekerezo rya mbere Rusama, ukaba wahimbajwe ubwa mbere igenekerezo rya 01 Rusama 1886.

3. Mu kuwuhimbaza, twifatanije n’abakozi bose bo mu Burundi n’abo mu bindi bihugu, mu kwibuka igihe abakozi isinzi bo muri Amerika ya ruguru, cane cane abo muri Chicago aho bagira imyiyerekano, basaba ko abakoresha bobagabaniriza amasaha y’akazi gushika ku masaha umunani ku musi, kuko bakora amasaha y’umurengera.

4. Kw’izina rya Leta turongoye no kw’izina ryacu nyene, turipfurije umusi mukuru mwiza abakozi bose : baba abakozi ba Leta, abikorera utwabo, abanyamyuga n’utugenegene, eka abo bose bafise umurimo ubabeshejeho n’imiryango yabo, kuko twese turi abakozi, dusangiye izina n’iteka twatewe n’Imana vyo kuba abakozi.

5. Icivugo c’uwu musi kikaba ari : « Dushire hamwe, tugire urunani rw’intamenwa, duteze imbere igihugu cacu ».

Barundi, Barundikazi,
Bakozi, Bakoresha,

6. Kwitwa umukozi ni iteka rihambaye. Ariko nkuko ba sokuru bayamaze : « Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera ». Birababaje, kuko iryo teka kenshi turibona iyo tutakirifise.

7. Uwu musi ni tuje hamwe abakozi n’abakoresha, dusangire utwo twabiriye akuya, akuya k’iteka kavuye ku bikorwa vy’iteka turanguye, ibikorwa biteza imbere igihugu cacu, kanatsinda igihugu gitezwa imbere na beneco, si abanyamahanga bazogiteza imbere, ariko twese twunganirana kuko ata gihugu na kimwe kw’isi kiriho cikwije.

8. Uwu musi mukuru kandi tuwuhimbaje no mu gihe amakungu, cane cane abagize ishirahamwe rya Buraya, aho kubandanya badutera intege mu migambi twari twiyemeje kurangurira hamwe, bahisemwo kuyidutana ngo tugwe mu kaga, ariko ntaco tuzoba, tuzobaho igikenewe ni ugukura amaboko mu mpuzu, duhinduke, tugwize umwimbu, tuwubungabunge neza ku neza ya bose.

9. Ni co gituma dushimira cane abenegihugu, abakozi n’abakoresha bagumye ku kivi kandi n’ubu bakiriko, bigatuma twizera ibiva mu maboko yacu aho kuzera inze, nakare abarundi barayamaze bati : « akimuhana kaza imvura ihise ».

10. Ariko rero nitwumve neza, ntitwanse abaduterera agacumu k’ubumwe mu kurangura imigambi, twipfuza abadufasha mu vyo twumvikanye, ata gasuzuguro n’akagaye birimwo.

11. Naho hakiri ibibazo bimwe bimwe bijanye n’ubutunzi, murabona ko Leta ataco itakoze kugira imishahara y’abakozi igume iboneka ku kwezi ku kwezi, kandi ku gihe.

12. Turafise icizere kinini kuko abarongoye ikigo kijejwe kwegeranya amakori (OBR) baraye bamenyesheje ko muri uku kwezi kwa Ndamukiza begeranije amafranga imiliaridi 51, mu gihe bari biteze imiliyaridi 46.

Bakoresha, bakozi,

13. Ikibazo co kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara cafashe umwanya muremure, kandi namwe murabizi ko kitoroshe. Leta rero ntiyayaze amasigaracicaro, kuko yaratanguye gushira mu ngiro uwo umugambi. Ivyo navyo ni ivyo kwishimira, tukanabishimira abakoresha n’abakozi baterereye ivyiyumviro kugira iyi ngingo ishikweko.

14. Mu bijanye no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Leta irakomeza kwitwararika gufata mu mugongo abikorera utwabo bugurura amashirahamwe. Irabandanya kandi guteza imbere gushigikirana no gutegekaniriza kazoza abenegihugu. Leta yipfuza gushira mu ngiro uwo mugambi gushika ku rwego rw’amakomine.

15. Mu gisata kijanye no kugwiza akazi no kurwanya ubushomeri, Leta yaremeje politique y’igihugu yo kunagura no kugwiza akazi mu Burundi, kugira ikibazo c’ubukene n’ubushomeri bigende biratorerwa inyishu. Ni co gituma, mu ntumbero yo gushira mu ngiro uwo mugambi, Leta yashizeho ikigo kijejwe gukwirikiranira hafi ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

16. Dusavye rero abarondera akazi na cane cane urwaruka kwitura ico kigo ata kindi kijejwe atari ukwumviriza, kuronderera no kurwiza imigambi itanga akazi ku rwaruka.

Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, Bakozi,

17. Imisi yose, na cane cane ku musi mukuru w’abakozi, twama twibutsa urwaruka guhindura ingendo, rukavavanura n’ingeso yo kwama rwiteze ko Leta izoruronsa akazi rwose. Ivyo ni ukubisezerera kuko bisigaye hake kw’isi yose.

18. Aho bukera, twipfuza ko imigambi yo kugwiza akazi no kurwanya ubukene vyoba umwitwarariko udasanzwe mu migambi mikuru mikuru iriko irategurwa mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu cacu, kugira vy’ukuri umwe wese aterere mu gushira mu ngiro politike y’igihugu yo kugwiza akazi no kurwanya ubukene.

19. Kubijanye no kugwiza umwimbu no gukundisha abenegihugu ibikorwa, dufatiye ku mwiherero Leta iheruka kugirira mu ntara ya Gitega, hafashwe ingingo zikurikira :

Ubwa mbere : Ku barongoye abandi, duhereye ku bashikiranganji, basabwe :
 Kwama hafi y’abo bakoresha, bakaba ari nabo batanga akarorero, nko mu gutonda kare ku mirimo no kubahiriza amasaha y’akazi ;
 Kwama bagisha inama abo barongoye ;
 Kugendera ibisata bitandukanye, kwumviriza no gutanga impanuro n’intumbero y’ingene ibintu vyoja mu buryo ;
 Gukurikiranira hafi abakozi batagikora neza canke abahembwa batagitonda ku mirimo yabo kugira ngo bazosubirizwe n’abakeneye akazi. Guhemba uwutagikora canke atagitonda ni ubunyonyezi no kwiba igihugu bikomeye.

Turasavye ko hakorwa urutonde rw’abakozi bari bataye akazi bivuye ku ngorane igihugu gihitiyemwo, n’abamaze gusubira ku mirimo. Dutanze ukwezi kumwe gusa aho uwutazoba aratonda ku kazi azoca afatirwa ingingo hisunzwe amategeko.

Ivyo bizotuma ubushikiranganji bubijejwe bumenya igitigiri ntabanduka bakorerako mu gutunganya imishahara n’ibindi.

Ubwa kabiri : Ku ruhande rw’abenegihugu, abashikiranganji basabwe :

 Gukomeza kugendera intara basanzwe bakwirikirana kugira basange abenegihugu ku kivi, kwirabira ibibagoye, babumvirize bongere babahe impanuro ku vyo badafitiye inyishu babibashikanire imbere.

 Kubera bimaze kugaragara ko abenegihugu bijukiye cane kandi bahurumbira urudandazwa, hasabwe ko imisi y’amasoko yokongerezwa kw’iyinga, gurtyo ivyimburwa bikunda kwononekara bironke isoko, ababirima ntibadebukirwe.

 Kubandanya bumvisha abenegihugu kudasesagura umwimbu wabo mu gihe ijuru ryagenze neza, no kutamarira mu masoko umwimbu wabo ku giciro c’intica ntikize, bukeye bagasigara bicuza aho usanga basubira gusuma imbuto ku biciro bihanitse.

 Gufata mu mugongo abenegihugu kugira bakerebutse kurusha abandi mu migambi y’iterambere mu kubaronderera uburyo bwo kubakarihiriza ubwenge mu bijanye no kwitunganiriza imigambi.

 Kwijukira ibigwati mu kwinjira ibimaze kwuzura, Leta nayo ikazobandanya kubafata mu mugongo mu kubaronsa amasoko, amazi n’ibindi vya nkenerwa ku bantu baba hamwe.

 Kuba mu bigwati birafasha kandi gutunganya inyigisho zitandukanye ku rwaruka no ku beneguhugu, na cane cane inyigisho z’imyuga ituma urwo rwaruka rushobora kwibeshaho, mbere rugatanga akazi rwo nyene rudateze amaso Leta isanzwe ifise uburyo buke muri iyi misi ibibazo vy’ubutunzi vyugarije amakungu n’Uburundi burimwo.

 Ni co gituma akamaro k’ishure shingiro ari ntangere. Ryakira abana benshi, inyigisho zitangwa zijanye n’ibihe tugezemwo, kandi abanyeshure barirangiza bafise imyaka n’ubumenyi bikwiye bibafasha kuronka canke gutegura imigambi itanga akazi, bagakora ivyo bazi kandi ari benshi ku kivi.
Ubwa gatatu :

 Ikindi gikwiye kandi kigiye guhinduka, ni inyifato y’INAMA ZIJEJWE KUGENZURA AMASHIRAHAMWE LETA IFISE MWO UMUTAHE arizo bita Counseil d’Administration, aho usanga abayigize aho guhagararira no gukingira inyungu za Leta, ari bo baja imbere y’abandi mu gutemvya ayo mashirahamwe, haba mu kuja inama n’abayarongoye mu kwiyongera imishahara n’utundi turusho turenze urugero, aho ni aho batamariye ubutunzi bw’ikigega c’ishirahamwe mu ngendo z’urutavanako zo hanze y’igihugu kandi bigaragara ko atakamaro ziba zifitiye ishirahamwe. Ingingo zikwiye zigiye gufatwa kugira ngo ivyo bintu bihagarare.

 Ikindi gikomeye cashitsweko, ni abanyuruza itunga ry’igihugu ku ruyeri babicishije mu turusho Leta yemereye abagwizatunga bashira imitahe yabo mu kwubaka amahinguriro, amahoteri n’ibindi bibanza vy’iratiro bituma ubutunzi n’ukuronsa akazi abenegihugu vyiyongera, hanyuma ibikoresho n’ibidandazwa bakuye hanze batabirihiye amakorori, ukazobisanga ku masoko atandukanye bitigenze bitumbera inzira yo kwubaka ico vyari bigenewe.
Kiretse yuko ikigega ca Leta kihahombera ibitagenda, aho usanga ari ukurya imitsi abandi bagwizatunga n’abadandaza barihira bene ivyo bidandazwa amakori n’amatagisi ategekanijwe, tutibagiye kandi yuko ari ugusesagura amafaranga y’agaciro igihugu kiba cabahaye mu kubirangura, mu gihe ayo mafaranga yokoze iyindi migambi y’iterambere.
Aha twobamenyesha yuko Leta iza yarafashe ingingo zikomeye kugira ngo iyo ngendo ituzwe, ku buryo muri iyi misi raporo igisata kijejwe gutanga no gukurikirana ubwo burusho arico bita API, giheruka gusohora, caraye gishize ahabona amashirahamwe 79 .yagiye aranyuruza bene utwo turusho, beneyo bakazosubiza mu kigega ca Leta amafaranga arenga na miliyaridi 81 atari yararishwe.

Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, Bakozi,

20. Duhimbaje umusi mukuru w’abakozi impunzi ziri hanze ziriko ziratahuka ku bwinshi. Ibiharuro dufise vy’abahunguka ni ibi : Makamba, 30.000 ; Rumonge, 2.870 ; Kirundo, 2.000 ; Muyinga, 1.150 ; Ruyigi, 620 ; na Cankuzo, 158 ; kandi n’abandi baguma baza.
Turasubiye gutera akamo abatarajijuka ngo batahuke bakorere igihugu cabibarutse, kuko ubuhungiro butigera buba bwiza gusumba igihugu c’amavukiro.
Nibafatire akarorero keza kuri benewabo bariko baratahuka, ubu bakaba bari kumwe natwe mu guhimbaza uwu musi mukuru w’abakozi, bari mu mahoro n’umutekano, basangira akabisi n’agahiye n’abasangwa.

21. Kugeza uno musi, abakozi bari barahunze bamaze gutaha kandi basubiye ku kazi bashika 250, ariko n’amadadosiye y’abandi batahuka akaba ariko arategurirwa mu buzi bari basanzwe bakoreramwo.

22. Iyo bari hose, turabamenyesheje ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose kandi ko ugenda utsimbatara uko bukeye uko bwije, kuko bamwe mu bahora bawuhungabanya bishikanye kandi n’abandi baguma bishikana abandi nabo bagafatwa.

Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, bakozi,

23. Mu bikorwa vya politike biriko birarangurwa, turabararitse ngo muterere ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyanyu mu bikorwa vy’Umugwi w’igihugu ujejwe gufasha abarundi kuja inama n’ingingo, n’umugwi w’igihugu wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe, nkuko Icuvugo ngenderwako c’uno mwaka kibitwibutsa ngo : ” Dushire imbere ineza y’igihugu cacu, tuganire ata n’umwe akumiriwe”.

24. Imbere yo kurangiza, twashaka kumenyesha ko mu ntumbero yo guhinyanyura ibikorwa rusangi, buri musi wa gatandatu uheza ukwezi hazokorwa ibikorwa rusangi bijanye n’isuku gusa, dutegure za nyabarega, twubake utuzu twa sugumwe mu mihana, ku mabarabara, ku masoko, n’aho hose hahurira abantu benshi, twubake uduserama, ubwogero kandi bikagenzurwa neza hose, n’ibihano bigafatwa ku batazokwitabira uwo mugambi w’isuku. Abatabishoboye bazoshigikirwa mu bikorwa rusangi.

25. Mukurangiza, turashimiye abakozi bitanze, haba mu kugwiza umwimbu canke mu kuwucungera ngo ntunyuruzwe, bagafasha kurangura umugambi w’igihugu wo gutsimbataza umutekano, uwo kurwanya ubukene, n’uwo kurwanya ibiturire n’ibindi vyaha bisa navyo.

26. Turakeje abarundi badasiba gutera iteka igihugu mu makungu, baba abaja gufasha kugarukana umutekano mu bindi bihugu, abaduserukira mu mahiganwa mpuzamakungu kandi bagatahana ibibanza vyiza n’imidari itari mike, canke abanyeshure baba aba mbere muri za kaminuza zo mu bindi bihugu.

27. Turashimiye abakozi kandi kuko baranzwe n’umwitwarariko w’akazi no bihe vy’imigumuko, bagakora bisunga amategeko y’akazi, bakitaba amatora bagatako bagashigikira inzego zayavuyemwo. Turabashimiye kanatsinda aya mahoro n’umutekano dufise uyu musi mubifisemwo uruhara ruhambaye.

28. Turashimiye abo bose bafashije kugira ikibazo c’Uburundi cumvikane mu makungu uko kiri, bakaba nabo nyene bafise uruhara rukomeye mu bumwe, amahoro n’umutekano dufise uno musi.
Abo nabo ni Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe rya Afrika, Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, abahuza mu kibazo c’Uburundi, n’abandi.

29. Twagomba rero dusubire dutera akamo abakozi bose ngo tuje ku kivi, tugwize umwimbu maze mu mwaka uza nk’aya mango, tuzosangire ku musesekara, mbere tuzocagukishirizeko abanyamahanga.

30. Mugire umusi mukuru mwiza, mwiginane, musabikanye, mwihanagure akuya kandi munezerwe no kwitwa abakozi, iteka ntangere Imana yaduteye. « Dushire hamwe, tugire urunani rw’intamenwa, duteze imbere igihugu cacu »

MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE.