Mois : janvier 2015

Ijambo rishikirijwe n’Umukuru w’Igihigu Petero Nkurunziza yipfuriza Abarundi Umwaka Mwiza w’ 2015.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, Umwaka w’2014 turawusozereye, dutanguye umwaka mushasha w’2015. Turashimiye Imana Mushoboravyose ko yatuzigamye, ikaduha amagara meza n’ubushobozi bukwiye bwo gutegura no kurangura imigambi myiza iteza imbere igihugu cacu. Nihabwe icubahiro, kandi ize igume ituja imbere muri uyu mwaka mushasha dutanguye. Turipfurije Abarundi bose n’abanyamahanga bose baba mu Burundi umwaka mwiza, umwaka w’amahoro, umwaka wo gusubiza hamwe no kunywana, umwaka wo gutsimbataza intwaro ya demokarasi idushikana kw’iterambere rirama. Nayo icivugo c’uyu mwaka dutanguye kikaba ari : “Twirimbure twongere twitorere indongozi nyazo, zizodushikana kw’iterambere rirama”. Barundi, Barundikazi, Ncuti z’uburundi, Nkuko vyama bigenda uko umwaka utashe, twama twisuzuma, tukirimbura, tukabona ivyo gukosora canke gutsimbataza kugira umwimbu uze ube mwiza gusumba. Twashaka rero duce ku masonga bimwe bimwe mu vyaranguwe, ingorane twaronse n’imigambi imwe imwe mu yizoshirwa imbere muri uyu mwaka mushasha dutanguye. Nkako, iri jambo turishikirije twaheruka kuremesha ikiganiro ku masamirizi aho twishuye ku bibazo bitari bike, kandi abashikiranganji bagiye kubandanya ivyega ibisata vyabo. Mu gisata c’umutekano,harubastwe uburaro bushasha mu makambi 10 ya gisirikare ahandi inyubakwa zirasanurwa. Hakaba himirije kwubakwa ibiro 14 vy’abapolisi mu makomine, n’amakomisariya 2 mu ntara. Tuboneyeho gushimira abapolisi n’abasirikare biyubakiye inzu nkenerwa mu bikorwa rusangi. Harashizweho amakomite y’umutekano mu gihugu cose ahurikiwemwo bose, kandi inyigisho zirabandanya kugira abayarimwo batomokerwe neza ivyo bajejwe. 8. Harasambuwe imigwi 72 y’inkozi z’ikibi mu gisagara ca Bujumbura no mu makomine amwe amwe yo hagati mu gihugu, hongera harafatwa ibigwanisho bitari bike....

Read More

Ku kirimba TV

Sebarundi asaba intara zikiri kure mu mugambi wo gukingira ibidukikije ngo zikubite agashi : KU KIVI

Tweets récents

Calendrier

janvier 2015
L M M J V S D
« Nov   Fév »
 1234
567891011
12131415161718
19202122232425
262728293031